Amafaranga ashobora kuguha umunezero?

Uwufise ububasha kw’isanamu Thinkstock

Kenshi biravugwa ko amahera adashobora kuguha umunezero, ariko hari isano rinini hagati y'ubutunzi no kumererwa neza nk'uko bivugwa n'umuhinga mu vy'ubutunzi, Angus Deaton, aheruka gutsindira agashimwe Nobel.

Nta bintu vyinshi biriho usanga bivugwako na benshi kw'isi kurusha amahera n'umunezero.

Angus Deaton yatsindiye agashimwe Nobel kubera ubushakashatsi bwiwe ku buryo dukoresha ibintu, ubukene hamwe no kumererwa neza, ariko avuga ko igikorwa ciwe cavugishije benshi igihe yandika ku munezero.

Yabariye BBC ati: "Niyo nyandiko yonyene nagizemwo uruhara, aho wasanga abantu bariko barayiganirako no mu masoko."

Uwufise ububasha kw’isanamu Thinkstock
Image caption Umunezero uwupima gute?

Amajambo yiwe yo gusozera ashobora gutangaza abibaza ko udashobora kugura umunezero.

Umunezero ni iki?

Abahinga mu kwihweza amajambo no kwiyumvira ku buzima, bamaze imyaka ishika ibihumbi badashobora guhuza ku nsiguro y'umuneze, bigatuma rero kuwupima bigorana kurusha.

Professeur Deaton yabariye ikiganiro More or Less, yuko kugira apime umunezero yibanda ku bintu bibiri bitandukanye.

Hari ic'igihe gito cerekeye umunezero w'umunsi ku wundi, hamwe n'ikibazo caguye cibanda ku gupima ukuntu abanti babona ubuzima bwabo muri rusange.

Uwufise ububasha kw’isanamu Thinkstock
Image caption Ivyigwa vya Professeur Deaton vyasanze hari isano rinini hagati y'amahera yinjizwa n'ugushimishwa n'ubuzima

Nk'akorero ashobra kubaza ati "Ngiyi ingazi, intambwe yayo yambere isigura urwego rwo hasi mu buzima rubaho, intambwe ya cumi nayo isigura urwe rwiza rushoboka. Wewe ubona uhagaze hehe?"

Amahera ashobora kugura umunezero

Professeur Deaton avuga ko iyo ubajije abantu niba banezerejwe n'ubuzima bwabo, inyishu yabo yama ifitaniye isano n'amahera binjiza.

Avuga kandi ko ivyo bitavana n'ukuntu utunze, ngo rero Bill Gates ashobora kuvuga ko anezerejwe cane n'ubuzima afise kurusha uwo arusha ubutunzi.

Professeur Deaton agira ati: "Ukeneye ko amahera yiyongera kugira uje ku rundi rwego kuri ya ngazi y'ubuzima, ariko ntibija bihera!

"Kandi niko bimeze, yaba ku rwego rw'abantu canke ku bihugu."

Uwufise ububasha kw’isanamu Thinkstock
Image caption Professeur Deaton avuga ko umunezero w'umunsi ku munsi utavana cane n'amahera winjiza

Rero amahera ashobora kugura umunezero, nimiburiburi ufatiye ku kuntu unezezwa n'ubuzima bwawe.

Umunezo wa minsi yose

None umunezo w'umunsi ku wundi wowo wavugwako iki? Abantu bakwishura gute uyo ubabajije uti: "Wagize umunsi mwiza? Umunsi uruhije?"

Uwufise ububasha kw’isanamu Thinkstock
Image caption Kwinjiza amahera ari munsi y' $75000 ku mwaka muri Amerika bishobora kugira ingaruka ku munezero wawe

Professor Deaton yibaza ko amahera afise uruhara no kuri uru rwego, ariko guhera ku mushahara w' $75000 ku mwaka.

Avuga ko abinjiza munsi y'ayo mafaranga bashobora kugira ibibazo vy'amafaranga kenshi, ibi rero bigatuma umunezero wabo uba muke.

Agira ati: "Iyo icoba c'uko ata mahera ufise kigiye, bihindura vyinshi cane ku buzima bw'abantu bwa minsi yose, nayo kubura amahera bigashobora gutuma umuntu yiyumva nabi umunsi ku wundi. Ariko kwiyongera kw'amahera winjiza, nta kanini bihindura."

Rero inyishu ku kibazo: "amahera ashobora kugura umunezero?" ni uko bivana n'amahera uvuga uko angana iyo uvuga umunezero.