U Burundi bwasubije ishirahamwe rya Afrika

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Leta y'u Burundi irashima ko ishirahamwe rya Africa ryiyanirije abashatse gutembagaza ubutegetsi bakoresheje inguvu

Leta y’u Burundi uno munsi yagize ico ishikiriza icese ku ngingo ziherutse gushikirizwa n’inama y’ishirahamwe rya Africa ijejwe amahoro n’umutekano.

Muri iryo tangazo ryasohowe n’umuvugizi wa leta y’u Burundi, Philipo Nzobonariba, leta ivuga ko ku kibazo c’ibiganiro ata na rimwe yigeze yugara imiryango kuri ico kibazo, kandi ko itahengeshanije kwerekana ugushaka kwayo muri iyo nzira.

Leta ivuga ko ibiganiro vyari birongowe n’umukuru wa Uganda, Yoweri Museveni, arivyo vyatumye impande zose zitaba amatora harimwo n’abatavuga rumwe na leta, ngo ni navyo vyatumnye inzego zishingwa.

Leta yibutsa ko muri iyo nzira haherutse kugenwa abazotunganya ibiganiro hagati y’Abarundi, ariko igashimika ivuga ko uko vyomera kwose ibiganiro bidashobora gusubirira ubutungane canke gusasira indava ukudahana.

Leta irashima ko ishirahamwe rya Africa ryiyanirije abashatse gutembagaza ubutegetsi bakoresheje inguvu, ariko igasaba iryo shirahamwe kuyifasha gukurikirana abo bantu imbere y’ubutungane nk’uko vyabaye no mu bindi bihugu nka Burkina Faso.

Nico kimwe no ku bo leta yita abateye imigumuko mu gihugu, ngo baroshe abana mu mabarabara, naco ngo kikaba ari icaha kuri kiremwa muntu.

Imyanzuro ata cageranyo

Ku bijanye n’umutekano mu Burundi, leta ivuga ko itangazwa n’ingene iyo nama ifata imyanzuro ata cegeranyo abahinga bayo na leta barasohora.

Igatangazwa n’ingene iyo nama ishinga yonyene kwongereza igitigiri c’indorerezi za gisirikare mu Burundi, leta ikibaza ingene iyo ngingo ishobora kugira ico ishitseko mu gihe ata ruhara yobigiriramwo.

Gusa leta y’u Burundi irashima ko iyo nama y’ishirahamwe rya Africa yiyamirije abashaka kugwanya ubutegetsi bakoreshehe ibigwaisho.

Ariko igakebura ishirahamwe rya Africa kuremera abatanga ivyo bigwanisho n’uburyo kugira ababikoresha bahagarike bataraba umugwi ejo ushobora kunanirana guhagarika.

Ku bihano iyo nama yavuze ko bishobora gufatirwa Abarundi bamwe bamwe, leta y’u Burundi isaba iyo nama kugendera ku murongo umwe kuko ngo hari ahandi hatari hake muri Africa ibara rimaze kurwa ku rugero ruruta urwo mu Burundi ariko ata bihano vyafashwe.

Leta ibona ko iyo nama yari ikwiye kurindira ko haba icegeranyo mu gihe ngo ivyo bihano bishora gutanga igihushane c’amahoro yaronderwa n’urwo rwego nyene.