Inzara igeramiye abantu muri Sudani y'epfo

Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Bamwe mu bateshejwe izabo batunzwe no gufungura rimwe ku munsi

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko ibihumbi vy'abantu muri Sudani y'epfo babangamiwe n'inzara.

Ishami rya ONU rijejwe ibifungurwa rivuga ko inzara ishobora kwaduka mu ntara ya Unity iri mu bumanuko, aho imirwano yatumye abagiraneza badashobora gushikana ibifungurwa.

Hafi y'imyaka ibiri y'imirwano yatumye abantu bashika ku miriyoni zine bahura n'ikibazo c'inzara, uburimyi burabangamirwa, ibifungurwa hamwe n'ibitoro navyo birazimba.

Imwe mu miryango yahunze itunzwe no gufungura rimwe ku munsi, igafungura ifi n'imboga zimera mu mazi.