Abagize umugwi ujejwe ibiganiro barahiye

Image caption Abagize umugwi CNDI barahiye uno munsi, bari kumwe n'abategetsi batandukanye

Umukuru w'igihugu c'u Burundi, Pierre Nkurunziza, yarahije abantu cumi na batanu bagize umugwi ujejwe gutunganya ibiganiro hagati y'Abarundi.

Uwo muhango wabereye mu muji wa Gitega, wa kabiri mu Burundi.

Uyu mugwi uzwi nka CNDI mu mpfunyapfunyo, uzoba ujejwe kwiga ku bibazo bitandukanye Abarundi bafise, mu ntumbero yo gushika ku mwumvikano ubahuza bose.

Bwana Nkurunziza yavuze ko u Burundi budakeneye imfashanyo y'abanyamahanga itanya Abarundi.

Bimwe mu bihugu vya Buraya vyahagaritse imfashanyo vyagenera u Burundi mu ntumbero yo guhimiriza leta ngo iganire n'abatavuga rumwe harimwo abari hanze, leta ifata nk'abagize uruhara mu bikorwa vyo gushaka gutembagaza ubutegetsi.

Umukuru w'igihugu yavuze ko ibiganiro bitazohagarika igikorwa c'ubutungane.