Igitero c'abarwanyi muri komine Mugamba mu Burundi

Uwufise ububasha kw’isanamu Google map
Image caption Musitanteri wa Mugamba yemeza ko abantu bitwaje ibirwanisho bagaragaye muri ako karere

Abantu bataramenyekana b'itwaje inkoho n'amagrenade bateye ibiro vya komine Muganga mu ntara ya Bururi, mu bumanuko bw'u Burundi.

Ordinateur hamwe n'impapuro z'akazi mu biro vy'uwujejwe ivyinjira n'ibisohoka muri komine, nivyo vyatuririwe muri ivyo biro, mu gitero camaze iminota 45 nk'uko bitangaza na radio y'igihugu.

Umukuru w'iyo komine, Anicet Niyonzima, ejo yaremeje ko hari abantu bitwaje ibirwanisho bagaragaye muri ako karere.