Amahera ya kaminuza ntazoduzwa muri Afrika y'epfo

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abanyashure bagize imyigaragamvyo mu gihugu cose biyamiriza kuduza amahera y'ishure ya kaminuza

Umukuru w'igihugu ca Afrika y'epfo, Jacob Zuma, yatangaje ko amahera y'ishure muri kaminuza atazoduzwa mu mwaka w'2016.

Ivyo yabishikirije amaze kubonana n'abarongozi b'abanyeshure hamwe n'abakuru ba kaminuza, nyuma y'imyigaragamvyo mu gihugu cose yo kwiyamiriza iduzwa ry'ayo mafaranga.

Bwana Zuma yavuze ko hazoba itohoza rya leta ryaguye, ku bibazo vya kazoza k'inyigisho.

Kare hadutse akajagari i Pretoria, igipolisi gikoresha ibiduga bimijagira amazi hamwe na grenade zidakomeretsa mu guhagarika abanyeshure bashaka kumena inzitiro hafi y'ibiro vy'umukuru w'igihugu.