Hemejwe kwubaka ikibanza co kwakira abahungira i Buraya

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Hagiye kwubaka ikibanza co kwakira abimukira ibihumbi ijana bashaka kuja i Buraya

Abakuru b'ibihugu vyo hagati h'Uburaya n'ivyo mu karere ka Balkan, bumvikanye kwubaka ikindi kibanza co kwakiriramwo abimukira bashaka gushika i Buraya.

Ico kibanza bazoja bashikiramwo igihe c'umwanya muto, kizoba gishobora kwakira abantu ibihumbi ijana.

Ni imwe mu ngingo zemejwe mu nama yihutirwa yabereye i Bruxelles.

Ibihumbi vy'abapolisi bazorungikwa i Slovenia no mu Bugiriki bafashe gucungera umutekano ku mbibe z'ivyo bihugu.

Ibihugu kandi vyumvikane kworosha uburyo bwo gukorana.

Umukuru w'urwego rurongoye ishirahamwe rya Buraya, Jean-Claude Juncker, yavuze ko uburyo bwonyene bwo gusubiza ibintu mu buryo ari kubuza ibihugu kurungika abimukira mu bihugu bibanyi.