MTN Nigeria yaciwe ihadabu nini

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption MTN Nigeria iregwa kutubahiriza ikiringo co kwaka imihora abatandikishije cartes SIM

Ikigo MTN Nigeria, categetswe gutanga amande ya miriyaridi zitanu z'ama dorari, ihadabu nini kuruta izindi zose zimaze gucibwa ikigo c'itumatumanako muri ico gihugu.

MTN Nigeria cagirizwa ko cananiwe kwaka imihora abanywanyi batari bubahirije ingingo yo kwandikisha 'cartes SIM' zabo mu kiringo ntarengwa cari catanzwe.

Abanyagihugu ba Nigeria bagiriza urwego rugenzura itumatumanako ko rudakora ibihagije kugira itumatumanako rigende neza.

Umurwi ushinzwe gukurikirana ibijanye n'itumatumanako muri Nigeria wemeza ko abagera ku miriyoni 150 bafise umurongo kuri terefone ngendanwa; aho ni ku banyagihugu bose bangana nka miriyoni 177