Muri Tanzania baracaharura ivyavuye mu matora

Image caption Muri Tanzani uwatsinze amatora y'ejo kuwa mungu ashobora kumenyekana uno munsi

Gushika kuri uyu mugoroba, ivyavuye mu turere 10 ni vyo vyari bimaze kumenyekana.

Kugez'ubu, John Magufuri wo mu mugambwe CCM ni we aza imbere.

Akanama gashinzwe gutegura amatora kaributsa ko ata muntu n'umwe arekuriwe kumenyesha ivyavuye mu matora atari ako kana ko nyene.

Bitegekanijwe ko ibindi biharuro bivuye hirya no hino mu gihugu bimenyekana ejo aho bukera.

Hagiye haribonekeza ibibazo bituma abantu badatora.

Aha umuntu yovuga mu duce tumwe tumwe twa Mwanza na Dar Es Salaam, aho nko ku kibanza co gutoreramwo ca Kimara stop-over vyabaye ngombwa ko basumiramwo gutora kuri uyu wa mbere.

Mu ntara ya Moshi igipolisi caraye gishwiragije abantu banse gutaha bahejeje gutora nk'uko bitegekanijwe n'itegeko rigenga amatora, baranakoresha n'ivyuka bikoroza amosozi.