Havugwa iki ku vyashikirijwe na Donald Trump?

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption "Iyo Saddam Hussein na Muammar Khaddafi baba bakiriho isi iba imeze neza..."

Abantu benshi ku mbuga nkoranyambaga bavuze ku vyashikirijwe n'uwuhiganigwa kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu wa Amerika, mu mugambwe w'aba republicains.

Donald Trump avuga ko isi iba imeze neza kurusha uko iri iyo Saddam Hussein na Muammar Khaddafi baba bakiri ku butegetsi muri Irake ba Libya.

Ibi ni bimwe mu bivugwa n'abakunzi ba BBC Gahuzamiryango kuri facebook:

Mutua Juvant: Niko bimeze kuko bariya bagabo bakuye ku butsegetsi bari barateje ibihugu byabo imbere.

Daniel Uwimana: Uyu mutama araraba neza abanyamerika ntibamurwanye ariko avuga ukuri nyomba adashaka kwishikirira ubutegetsi. Ijambo rya Kadafi yavuze rirerekana ko hari ibihugu vyinshi vyibihangange yasumvya gutunganya igihugu ciwe, uwanyuma azoba uwambere.

Ndikumana Eric: Mbega ivyo abivuze azi ko muri kahise Sadam Houssein batacana uwaka n'abamubanjirije? Aho bamutera s'uwo mugambwe wari ku butegetsi nyene? Reka turindire tuze turabe ko azana ivyiyumviro bishasha.

Mugabo Black Box: Mubivuze neza ko ari kwiyamamaza nyine, aravuga ibyo ariko nta rundi rukundo afitiye abo bagabo avuga. Turabazi.

Léonard Misago: Haba namba, barya bagabo babiri bashaka intwaro za kisilamu, urakabona babatembeje.

Bandanya mushikiriza ico mwiyumvira ku vyavuzwe na Donald Trump ku rubuga rwacu rwa facebook.