Polisi y'u Burundi yemeza ko CJK yatewe

Image caption Umuvugizi w'igipolisi, Pierre Nkurikiye, avuga ko abateye barashe mu miryango ya Centre Jeunes Kamenge ariko ntibinjiye

Mu kiganiro n'abanyamakuru, Pierre Nkurikiye, umuvugizi w'igipolisi avuga ko igitero cabaye muri iri joro ryakeye mu Kamenge cagabwe ku kigo c'urwaruka, Centre Jeunes Kamenge.

Ngo wari umugwi witwaje ibirwanisho wateye kuri ico kigo, kuva igihe c'isaha zibiri z'ijoro gushika isaha zitatu n'igice.

Uwo mugwi wateye amagrenades ari hagati ya 10 na 15 ku mpande zose z'ico kigo, wongera utera igisasu ca roquet.

Pierre Nkurikiye avuga ko ikirindiro c'igipolisi kiri aho cagerageje gusubiza inyuma uwo mugwi witwaje ibirwanisho, ivyatumye haba ugutana mu mitwe kwamaze isaha n'igice irenga.

Umunyagihugu aba hafi yaho yarahasize ubuzima, umupolisi umwe n'umusivile barakomereka, hamwe rero n'umwe muri abo barwanyi yafashwe n'igipolisi.

Abihebeye Imana n'abakora muri ico kigo ngo nta n'umwe yagize ico aba, n'ubwo abo barwanyi bagerageje kurasa imiryango y'amazu bararamwo.