Igitero kuri Centre Jeunes Kamenge i Bujumbura

Image caption Ahononywe n'igitero c'ejo kuri Centre Jeunes Kamenge

Ikirindiro c'abapolisi kiri ku kigo c'urwaruka ca Centre Jeunes Kamenge, mu buraruko bw'igisagara ca Bujumbura, caraye gitewe n'abantu bitwaje ibirwanisho.

Humvikanye inkoho nyinshi hamwe n'ibisasu vya grenade, insoro zaka umuriro zikaba zagaragara mu kirere hejuru ya Centre Jeunes Kamenge.

Umuvugizi w'igipolisi, Pierre Nkurikiye, yavuze ko umuntu umwe yishwe abandi babiri barakomereka, uwundi umwe arafatwa.

Yavuze kandi ko hari n'abapolisi babiri bahakomerekeye.

Abihebeye Imana hamwe n'abandi bakora kuri ico kigo, ngo nta n'umwe yagize ico aba.

Ibi bikurikiye ikindi gitero mu Cibitoke, ku rubibe na Kamenge, caguyemwo abantu babiri, hakomeretka abapolisi indwi n'abanyagihugu babiri.