Kwiba mu bizamini vya leta mu Bushinwa vyahagurukiwe

Image caption Kurabiranako mw'ishure mu Bushinwa bigiye guhanishwa gufungwa imyaka ishika 7

Gukopera canke kurabiranako mw'ishure mu gihe c'ibibazo canke ibizamini vya leta bigiye kugirwa icaha gihanwa n'amateko mu Bushinwa.

Abanyeshure bakopera canke bakorera ibizamini abandi bazoja bapfungwa imyaka ishika indwi.

Iyi ngingo ifashwe mu gihe hari impungenge z'uko gukopera vyabaye ndanse mu bibazo vya leta, ngirakamaro kuri kazoza k'abana.

Buri mwaka, abanyeshure bashika imiriyoni icenda bakora ikizamini ca leta kugira bemererwe kuja muri kaminuza, kandi uguhiganwa kuba gukomeye cane.

Uno mwaka, bamwe mu bajejwe amashure bakoresheje utudege dutwarwa n'umudereva ari hasi kugira bafate ubutumwa bukekwa.