Muri Congo Brazzaville bemeje guhindura ibwirizwa shingiro

Image caption Ibwirizwa shingiro muri Congo Brazaville rigiye guhindurwa nyuma ya kamarampaka

Abajejwe amatora muri Congo Brazzaville batangaza ko ivyavuye mu matora ya kamarampaka vyerekana ko 92% vy'abatoye bashaka ko ibwirizwa shingiro rihindurwa.

Guhindura iryo bwirizwa shingiro bizoha akaryo Prezida Sassou Nguesso ko kwitoza ubugira gatatu, mu gihe mu bisanzwe atari yemerewe kurenza ibiringo bibiri.

Bivugwa ko kwitabira ayo matora vyarenze ibice mirongo indwi kw'ijana, ariko abatavuga rumwe na leta ntibavyemera.

Hakurikijwe ibwirizwa shingiro ririho, Prezida Denis Sassou Nguesso ntiyemerewe gusubira kwitoza kuko arengeje imvyaka mirongo ndwi y'amavuko akaba kandi akwije ibiringo bibiri ku butegetsi.

Mu ndwi iheze abantu bane baguye mu myiyerekano yo kwiyamiriza guhindura iryo bwirizwa shingiro, igihe batana mu mitwe n'abapolisi.