FMI ivunira akagohe Afrika ku butunzi

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ubutunzi bw'Ubushinwa bwagize ingaruka kuri Afrika yo munsi ya Sahara

Mw'igendereza riheruka gukorwa n'ikigega mpuzamakungu FMI, biboneka ko ubutunzi muri ico gice ca Afrika buzokwiyongera ko 3,75% uyu mwaka, urugero ruto rwa mbere rubonetse mu kiringo c'imyaka 6 iheze.

Naho mu mwaka uza, FMI ibona ko ubutunzi muri ico gice c'umugabane wa Afrika ngo bushobora kwiyongera kuri 4.25%.

Kugabanuka kw'ibiciro vy'ibikomoka kuri peterori n'ibindi bidandazwa, hamwe no kugabanuka kw'umurindi w'izamuka ry'ubutunzi bw'Ubushinwa, biri mu mpamvu nyamukuru zatumye ubutunzi budakomeza kwiyongera ku muvuduko bwahorako aho muri Afrika yo munsi ya Sahara.

Ubushinwa nico gihugu gifitanye imigenderanire y'urudandazwa ikomeye n'ibihugu vya Afrika, kandi ivyo bihugu vyungukiye mu gushorera Ubushinwa ibikoreshwa mu nganda.

Ibihugu vyimbura ibitoro nka Nigeria na Angola, navyo vyahuye n'ikibazo c'igabanuka ry'ibiciro vyavyo ku masoko mpuzamakungu, vyagabanutse kurenga 50% hagati mu mwaka uheze, aho akagunguru kari munsi y'ama dolari 50.

Nayo ibihugu bishorera hanze ubutare nka Zambia, Ghana na Afrika y'epfo, navyo vyagizweko ingaruka n'iryo gabanuka ry'ibiciro ku masoko mpuzamakungu.

FMI ihamagarira ama leta y'ibihugu vya Afrika gushiraho imigambi yogabanya iryo dindira ry'ubutunzi, nko kugabanya agaciro k'ifaranga kugira abashorera hanze boroherwe.

FMI kandi ihimiriza ibihugu kugabanya ubudasa hagati y'imishahara bukabije cane muri ako karere, hamwe no guhimiriza kuzamura uburinganire hagati y'abanyagihugu b'igitsina gore n'abo igitsina gabo.