Muri Tanzania baracaharura amajwi

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Guharura ivyavuye mu matora biracabandanya muri Tanzania

Mu biharuro bimaze kumenyekana, John Pombe Magufuli ni we aza imbere ya Edward Lowasa mu turere 87 kuri 264.

Abategetsi bakuru bakuru bamwe bamwe ba CCM, batsinzwe mu matora y'abashingamateka.

Mw'izinga rya Zanzibar, ku turere 54 hamaze guharurwa 13.

Kuri uyu mugoroba abantu bari batanguye kuboneka ku mabarabara, bakaba bari bagize ubwoba igihe abasirikare bazunguruka ikibanza akanama kajejwe gutegura amatora kariko karashikiririzamwo ibiharuro vy'imfatakibanza, aho mw'izinga rya Zanzibar.

Amwe mu mashirahamwe ataho yegamiye muri politike akaba asaba akanama kajejwe gutegura amatora kugerageza kumenyesha ivyavuye mu matora kugira ntihagire abavyitwaza mu guhungabanya umutekano.

Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Mugenzi wacu Cyriaque Muhawenayo ari aho bagomba gutangariza uwatsinze

Hagati aho amakuru yamenyekanye mukanya gaheze avuga ko muri Zanzibar abasirikare bakikuje ibiro vy'umugwi ujejwe amatora, ZEC.

Bivugwa kandi ko indorerezi mpuzamakungu zankiwe kwinjira muri ivyo biro.

Ku bumva ururimi rw' igiswahili mushobora gufyonda ngaha mukabona ibimaze kumenyekana mu vyavuye mu matora