Hari indege yakorokeye muri Tripoli

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Indege yaguye ngo yari ivuye Al_maya ija muri Tripoli

Iyo ndege yakorokeye mu burengero bw'umurwa mukuru Tripoli, bikaba bitaramenyekana nimba abarimwo barokotse.

Umwe mu bategetsi yabwiye BBC ko iyo kajugujugu yarasiwe mu karere ka Al-Maya, ahari icicaro c'igipolisi, ariko ntiyashoboye kuvuga uwayirashe.

Iyo ndege yari yatwaye amafaranga muri banki ikaba yari mu nzira igaruka muri Tripoli, izanye n'abantu basanzwe baba muri Tripoli.

Ibinyamakuru vyo muri Libya bivuga ko hari n'abasirikare batatu boba bari muri iyo ndege.