Platini: "Ni jewe nkwiye kurongora FIFA"

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Michel Platini yemanga ko ariwe akwiye kuyobora FIFA

Icegera c'umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amakuru kw'isi, FIFA, yahagaritswe mu mabanga, Michel Platini, avuga ko ari we akwiye kurirongora.

Bwana Platini avuga ko ari we abereye gusubirira Sepp Blatter naho hari ivyagiriji vyo kuronka amafaranga ukutari kwo, bimuri hejuru.

Platini yavuze ko azokora ibishoboka vyose kugira yerekane ko amahera imiriyoni zibiri z'amadolari yahawe na FIFA mu 2011, yayahawe biciye mu mategeko.

Yagirije umugwi ujejwe inyifato muri FIFA, kuba warananiwe gutohoza neza imbere yo kumuhagarika.

Bwana Platini yavuze ko azokwiyamamariza kurongora FIFA, akigereranya n'umutware wo mu bihe vya kera i Buraya, amaze kumenwa amavuta ku mutwe ari imbere y'ingoro yiwe.