Magufuli yahawe urupapuro rw'intsinzi mu matora

Image caption John Mpombe Magufuli agiye kurongora Tanzania imyaka itanu iri imbere

John Magufuli, yaraye atahukanye intsinzi mu matora y'umukuru w'igihugu muri Tanzania, yashikirijwe urupapuro rwemeza intsinzi yiwe.

Ibiro bijejwe amatora muri Tanzania, nivyo vyamushikirije urwo rupapuro mu gitondo c'uno munsi, rukemanga ko ari we agiye kuramutswa igihugu mu myaka itanu iri imbere kw'izina ry'umugamwe CCM.

John Mpombe Magufuli yaronse amajwi 58,46%, atsinda uwo bari bahanganye wa hafi Edward Lowasa yari aserukiye urunani Ukawa, yaronse amajwi 39,97%.

Gushika ubu ariko ntaremera ko yatsinzwe, hakaba harindiriwe ico aza gushikiriza.

Mu matora y'abashingamateka naho, ibimaze kumenyekana n'uko umugambwe CCM ufise intebe 186 ku ntebe 264, izisigaye zigashobora kuba zegukira abatavuga rumwe na leta hamwe n'abigenga.