Bashatse kugurisha umwana w'indwi zibiri barafatwa

Image caption Nyina w'umwana avuga ko yashatse kumugurisha kubera ubukene

Abantu batandatu bafashwe mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Nigeria bagirizwa gushaka kugurisha uruyoya rw'indwi zibiri.

Igipolisi mu ntara ya Cross River, cavuze ko mu bafashwe harimwo nyina w'uyo mwana, akaba yavuze ko ubukene burengeje aribwo bwatumye amugurisha amadolari mirongo icenda.

Iyo ntara imaze igihe ifise ikibazo batazira ihinguriro ry'abana, aho abagore bahimirizwa canke babwirizwa gutanga abana babo bakivuka ngo bagurishwe.

Mu 2013, abakobwa b'imiyabaga cumi n'indwi bibungenze babohojwe mu nzu barimwo mu bumanuko bushire ubuseruko mu ntara ya Imo.