Indero itozwa ite mu mashure kw'isi?

Birasanzwe ko abapolisi bashobora kwinjira mu mashure muri Leta zunze Ubumwe za Amerika, ariko ahandi kw'isi bigenda gute iyo havyutse ikibazo c' indero y'abanyeshure?

Ben Fields, yari mu bakozi bo kw'ishure bajejwe gucungera umutekano, bakanafasha no mu nyigisho zijanye no kurwanya ubukozi bw'ikibi, gukoresha ibiyayuramutwe n'ubundi bugizi bwa nabi.

Yahamagawe mu kirasi kubera umunyeshure yari yanse guha aterefone yiwe umwigisha.

Mu mwaka w'ishure wa 2013-2014, 43% y'amashure ya leta muri Leta zunze Ubuwme za Amerika, asanganywe abakozi nka ben'abo bajejwe indero n'umutekano mu bigo, nk' uko biboneka mubiharuro bitangwa n'ikigo "National Center for Education Statistics".

Ivyo biharuro vyerekana kandi ko amashure yisumbuye atatu kuri ane aho muri Leta zunze Ubumwe za Amerika, abayacungera baba bafise ibirwanisho.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ben Fields

Mw'itohoza ryakozwe bigaragara ko uwukuriye abo bakozi bubahiriza umutekano n'indero, Leon Lott, yirukanye mu kazi Ben Fields kubera atakurikije ibisabwa, kandi uko yabigenjeje mu gusohora uwo munyeshure ngo n'uburyo butokwihanganirwa, butisunze inyigisho yahawe.

Ariko Lott aravuga ko uwo munyeshure nawe ubwiwe abifisemwo uruhara kuko ngo vyose niwe yabitanguye.

Kenneth Zeichner, umwigisha muri kaminuza ya Washington's College of Education, ritanga ubuhinga mu gukwirikirana indero y'abanyeshure n'inyifato yabo mw'ishure, avuga ko hari intambwe zo gukurikiza mu gihe umunyashure atubahirije amabwirizwa, ariko ngo inguvu ntizirimwo.

Ubwa mbere ngo n'ukuganira n'uwo munyeshure, akumva ko akwiye gukora ivyo yasabwe, bonaniranye hakaza umutegetsi wo hejuru cane cane azi ivy' imibano ashobora kumusigurira akamugndoza, vyanka kuri urwo rugero akomeje kuba ikibazo, abandi banyeshure bagenziwe akaba aribo basabwa gusohoka.

BBC yavuganye n'abategetsi mu zindi mpande z'isi mu ntumbero yo kumva uko babigenza.

Mu Bwongereza.

Aba polisi ntibakunze kuboneka mu mashure nko muri Amerika, ariko naho bishitse biba ari ibisanzwe.

Kuva mu myaka ya 2002, abapolisi batanguye gukorana n'ibigo vy'amashure, ku buryo mu 2009, amashure 5000 yari afise abapolisi.

N'ukuvuga ibice 25% vy'amashure yo mu Bwongereza usanga hariho abapolisi ku bigo.

Ariko ni gake cane umupolisi ahamagarwa mw'ishure kiretse iyo habaye ibibazo bikomeye nk'ubusuma, kurwana, canke habonetse ibiyayuramutwe.

Ariko nta ngendo imwe iriho yo gukwirikiza ku munyeshure ateye ingorane, abigisha bagahabwa inyigisho zo kuvyifatamwo ku kazi.

Gusa abigisha babarirwa ko iyo umunyeshure ananiranye bahamagara umutegetsi abakurira, akamugerageza, igikuru ngo n'umutekano w'umunyeshure.

Umuntu mukuru ngo ntategerezwa kuba umupolisi, ashobora kuba umuyobozi canke umuhanuzi, nayo abapolisi ngo baba bari ku mashure kugirango abanyeshure bamenyere kubabona no kumenya ko bashobora kuhaza.

Singapour

Ntawe vyotangaza ko Singapour, igihugu kizwi ko gihana cihanukiriye abagiriwe n'ivyaha, gishobora kwemera ko abanyeshure bahabwa ibihano nko gukubitwa, ariko mu gihe bakosheje cane.

Akanywafi cari igihano igihano gikoreshwa cane kera, ariko ubu gukubita abanyeshure birakurikiranwa cane mu ntumbero yo kuraba ko ico gihano gifatwa ko gikomeye gikoreshwa mu gihe gikwiye.

Umunyeshure ahanwa nk'akarorero iyo akoze amakosa amwe yikurikiranya, agakubitwa iyo icaha yakoze gikomeye cane.

Amabwiriza avuga ko akanywafi gato ko ku ntoke canke ku bwicariro umwana yambaye impuzu gashobora gukoreshwa, naho nyene ku bahungu.

Abakobwa ngo bararekuriwe kudakubitwa.

Kugira hajemwo umupolisi biba vyagoranye, aho ni mu gihe honyene umunyeshure aba abangamiye ubuzima bw'umwigisha canke abanyeshure bagenziwe.

Naho nyene ngo umupolisi atangura kugabisha umunyeshure, aho gushika afata ingingo.

Mu Buhinde

Gukubita abanyeshure birabujijwe mu Buhinde muri kino gihe, kandi amashure aritwararika uburyo akemura ibibazo biterwa n'abanyeshure.

Abanyeshure ngo bashobora kugorana cane cane abo mu mashure yo hejuru.

Ngo ubu ntibikiri bimwe vyo kubwira umunyeshure ngo: "ndi umwigisha wawe, nawe uri umunyeshure, utegerezwa kunyumviriza"

Aho abanyeshure ntibakwimviriza, ariko iyo ubitondeye, barumviriza.

Rimwe na rimwe abigisha bakiri bato canke bashasha mu kazi barakengerwa.

Mbere bamwe hari aho basohoka mw'ishure n'amarira ku maso kuko bananiranywe n'abanyeshure babo, ariko ngo uko imyaka ihera, bamenyera kuvyifatamwo.

Mu Buhinde iyo umunyashure yitwaye nabi cane cane bahamagara umuvyeyi, ari ibikomeye bakirukana uwo munyeshure kumara igihe gito.

Australia

Nk'uko biri mu bindi bihugu vyinshi, muri Australia naho nyene banyeshure bagora abandi mw'ishure ntiboroha gushira ku murongo.

N'ubwo bitaba kenshi, nta wovuga ko ata na rimwe abapolisi bashobora kuboneka ku mashure.

Mu ntango z'uyu mwaka, ishure rya Community College ryo muri South Wales ryabaye irya mbere rimenyeshaje ko rigiye gushira abapolisi ku kigo.

Ivyo vyabaye inyuma y'aho habonekeye video yerekana umwana w'imyaka 13 akubitwa nabi na bagenzi we.

Igipolisi co muri South Wales naco nyene kiratanga inyigisho zo kumenya ingene umunyeshure atwawe n'ishavu akwiye kugenzwa.

Mu ma leta amw'amwe hari umwitwarariko ku kibazo c'ukwiyongera kw'ibitero bigabwa n'abanyeshure ku bigisha.

Ariko muri rusangi kubona abapolisi bakizura kw'ishure biba ari umuti wa nyuma.

Ubuyapani

Abenshi mushobora kwibaza ko mu mashure yo mu Buyapani huzuyemwo abanyeshure b'indero karuhariwe baronka amanuta y'akarorero ku rwego mpuzamakungu.

Ku ruhande rumwe ni vyo.

Ariko kuva mu 1990, hari umwitwarriko ko ubugizi bwa nabi bukomeza kwiyongera mu mashure yo muri ico gihugu.

Vyagiye kugera kw'isimbo y'inuma mu 1997, igihe umwana w'imyaka 14 wo mw'ishure rya Kobe, yica abana bagenzi we babiri , agaca umwe w'umwe muri bo amaze kubagandagura.

Kuzomerana no kuryana umutima hagati y'abanyeshure navyo nyene ngo birahari kandi bikomeza kwiyongera.

Ibice 14 % vy'abanyeshure muri Japon ngo babana n' ikibazo co kuribwa umutima na beganzi babo.

Mu kwezi kw' indwi uyu mwaka, hari umuhungu w'imyaka 13 yiyahuye, bigakekwako yaziwe kwiyanka kubera kuribwa umutima n'abanyeshure bagenzi we, kandi ngo abigisha bari babizi ntibagira ico babikorako.

Ikitavugwa cane muri Japon n'abgisha bakubita abanyeshure.

Gukubitwa birabujijwe kuva mu 1947, ariko abigisha baracibaza ko bifasha kandi abavyeyi benshi barabashigikiye.

Mu 2012, ubushikiranganji bw indero bwakoze itohoza, ku bihano vy'ugukubitwa bitangwa mu mashure, basanga hakubiswe abanyeshure bagera ku 10,00 mu mwaka wa 2011.

Iryo tohoza ryakozwe kubera umunyeshure w'imyaka 17 yaheruka kwiyahura muri Osaka.

Uwo munyeshure yari capitaine w'umurwi wa Basket w'iryo shure.

Itohoza ryasanze uwo munyeshure imbere yo kwiyahura yari amaze gukubitwa amakofe n'umumenyereza w'uwo murwi incuro zirenga 30, imbere y'abandi bakinyi.

Igwirirana rya za terefone ndendanwa ryatumye ubu bimwe mu biba bifatwa kuri camera.

Hari video yashizwe kuri internet yerekana umwigisha wa Voleyball wo kw'ishure ryo muri Hamamatsu, akubita yongera atuka umunyeshure.

Korea y'epfo

Abigisha muri Korea y'epfo babujijwe gukubita abnyeshure kuva mu 2010, inyuma y'aho video yafashwe kuri terefone yerekaniye abanyeshure bakubitwa nk'inyamanswa.

Abigisha ico gihe beremeye gukwirikiza iyo ngingo ariko bakavuga ko bizogira ingaruka ku ndero y'abanyeshure.

N'ubwo bibujijwe, abanyeshure n'ubu bakomeza guhohoterwa.

Mu mwaka uheze, umwana w'imyaka ine yarekanywe akubitwa kubera yaciriye ibifungurwa atifuza kurya.

Abigisha barekuriwe gutanga ibihano bibabaza umubiri abanyeshure nk'ikarashishi.

Mu mwaka uheze hari umunyeshure yagiye mu bitaro kubera yategetswe gusutama yongera ahaguruka incuro 800, igihano yahawe kubera atakoze umwimenyerezo w'ishure yatahanye muhira.

None ubu ho bimeze gute? Umwigisha umwe yabwiye BBC ko guhana abenyeshure bija vyarabaruhije, ati "intoke zacu zararushe".

Avuga ko ico umwigisha ashobora gukorera umunyeshure ateje umudurumbanyo ari ukumuhagarika inyuma y'abandi akamusaba gutekereza gusa.