Kurasana kw'ibarabara rya Bubanza mu Burundi

Image caption Igipolisi kivuga ko abari bagiye ku maziko bari bitwaje ibirwanisho

Umuntu umwe yishwe uwundi arakomereka, abatari bake barafatwa mu kurasana kwabereye kw'ibarabara Bujumbura-Bubanza.

Igipolisi c'u Burundi kivuga ko caronse amakuru y'uko abantu bari bagiye ku maziko y'uwasize ubuzima mu gitero kuri Centre Jeune Kamenge mu ntango z'ino ndwi, bari bitwaje ibirwanisho.

Umuvugizi w'igipolisi, Pierre Nkurikiye, yabariye BBC ko babahagaritse ngo babasake, baciye bugurura umucanwa, igipolisi kirabasubiza hapfamwo umwe uwundi arakomereka abandi nabo barafatwa.

Ariko abatavuga rumwe na leta y'u Burundi, babicishije ku mbuga nkoranyambaga, bavuga ko hapfuye abantu bashika cumi ngo kandi abari bagiye ku maziko nta kirwanisho bari bitwaje.