Cameroun yahagaritse umumenyereza Volke Finke

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Volke Finke niyahiriwe mu gikombe c'isi n'ica Afrika mu 2014 n'2015

Umumemye w'ikipe nserukira gihugu y'umupira w'amaguru ya Cameroun, Volke Finke, yahagaritswe mu kazi.

Iyo ngingo yafashwe ejo n'urwego nyobozi rw'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Cameroun, FECAFOOT.

Umudage Finke w'imyaka 67, amenyereza Cameroun kuva mu kwezi kwa gatanu 2013, ariko ntivyamegendeye neza mu gikombe c'isi co mu 2014 hamwe n'igikombe ca Afrika co mu 2015.

FECAFOOT yatangaje ku rubuga nkoranyambaga Twitter ko Alexandre Belinga ari we munyereza mfatakibanza, akazofashwa na Djonkep Bonaventure.

Abo babiri birashoboka ko aba aribo bamenyereza Cameroun mu nkino zibiri zo guhiganirwa kuja mu gikombe c'isi co mu 2018, inkino zizohuza Cameroun na Niger itariki 13 na 17 z'ukwa cumi na rimwe.