Abantu 13 baranyurujwe muri Sudani y'epfo

Abo bantu bafatiwe mu bwato bari ku ruzi Nil hafi y'umuji wa Malkakal mu ndwi iheze.

Abagera ku 20 muri bo, bikekwa ko boba ari abo muri Bangladesh bo bararekuwe ku munsi wa kane.

Abo barwanyi bavuga ko bikeka ko abo bantu bari mu butumwa bwa ONU bwo kugarura amahoro, bari bashiriye ibirwanisho abasirikare ba leta ya Sudani y'epfo.

N'ubwo impande zirwana zari zarashize igikumu ku masezerano yo guhagarika intambara mu kwezi kwa munani, intambara zo zarakomeje, cane cane mu ntara za Unity, na Upper Nile zicukurwamwo ibitoro.