Indege yaguye muri Sinai yamenekeye mu kirere

Image caption Ibimanyu vya Airbus A321 vyasanzaye ku km 20

Uwo muhinga Viktor Sorochenko, yabwiye abanyamakuru i Cairo ko ibimanyu vy'indege vyasanzayew kugeza ku muzunguruko w'ibirometero 20.

Ariko ngo haracari kare kuvuga ko icatumye iyo ndege imeneka camenyekanye.

Bwana Sorochenko yagendeye ikibanza iyo ndege yari yaguyemwo, ari kumwe n'abandi bahinga baturuka mu Bufaransa, Irlande na Misiri, aho bari bagiye gusuzuma ivyuma bifata majwi vy'iyo ndege.

Mu kiganiro yahaye abanyamakuru i Moscow, umwe mu bayobozi b'iyo ndege, Metrojet, yavuzeko ikintu kivuye hanze aricyo cyatumye iyo ndege iturika igahanuka.

Yamaganye ibivugwa ko ari ikosa ryo mu byuma cyangwa iry'umudereva.

Yavuze ko hari agakosa kari kabaye ku gice cy'umurizo w'iyo ndege ariko ko bari bagakosoye mbere yuko ihaguruka i Sharm el-Sheikh mu Misiri.

Ati ntabwo rwose batekereza ko yo yaba yabaye imvano y'ihanurwa ry'iyo ndege.