Abaguye mu ndege muri Sinai biracaronderwa

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Hamaze gutorwa ibiziga 163 ku bantu 224 bari muri iyo ndege

Kugez'ubu hamaze gutorwa ibiziga 163 ku bari muri iyo ndege bose uko bari 224 bakekwa ko boba barapfuye, ivyo biziga bikaba vyajanywe mu bitaro vy'i Cairo.

Umurwi w'abahinga b'Uburusiya bajejwe gutohoza, bamaze kugera mu Misiri kugira barondere icoba caratumye iyo ndege ikoroka.

Yaba Uburusiya canke Misiri, vyompi vyakuye urwikekwe ku murwi "Islamic State", ko woba ariwo wakoroye iyo ndege, aho bavuga ko ahubwo vyoba vyatumwe n'ikibazo co mu ndege ubwayo.

Ivyuma bifata amajwi muri iyo ndege vyompi vyaratowe.