IS yafashe ikindi gisagara muri Syria

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umuji wa Homs wasambuwe n'intambara muri Syria

Umurwi "The Syrian Observatory for Human Rights", umuvuga ko abo barwanyi ba IS bafashe igisagara ca Maheen, cari mu maboko y'ingabo za leta, mu burengero.

Habaye kandi intambara zikomeye mu micungararo y'umuji wa Sadad, umuji ubrwiriyemwo abakirisu.

Ako karere kari ku birometero 20 uvuye kw'ibarabara rikomeye rihuza umuji wa Homs n'umurwa mukuru Damas.