Turukiya mu matora ya kabiri mu mezi 5

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA

Umugambwe AK Party wa perezida Recep Tayyip Erdogan, wananiwe gushika amajwi awuha ubwiganze mu kwezi kwa gatandatu, binanirana kwiyunga n'iyindi migambwe mu gushiraho leta.

Umutekano nico kibazo bashira imbere muri kino gihe muri Turukiya, inyuma y'aho binaniranye ko amasezerano yari yashizweko igikumu hagati ya leta n'umurwi w'abarwanyi b'aba Kurdes, hagatangura ibitero vy'ibisasu bikorwa n'abarwanyi bishimikiza idini rya Isilamu.

Kubera umugambwe ushigikiwe n'aba Kurdes HDP umaze kwigarurira abanywanyi benshi cane, birashoboka ko no muri aya matora habura uronka amajwi akwije ubwiganze mu nzego.

Perezida Erdogan yemeye kugarura umutekano hamwe abanyagihugu botora umugambwe AK Party, ugatsinda.

Abamurwanya bo bavuga ko hamwe umugambwe wiwe wotsinda ugatwara wonyene, vyotuma ingendo yiwe yo gutwaza igitungu ngo ikomeza kwibonekeza, yohava ayikomeza.