Prezida Magufuli azoshira imbere akazi.

Image caption Prezida John Pombe Magufuli

Perezida mushasha wa Tanzaniya, John Pombe Magufuli, arashimira abamutoye n'abo bahiganywe, akabahamagarira kugira urunani mu guteza imbere Tanzania.

Uwo mutegetsi mushasha yemereye abatanzania ko ata kindi agiye gushira imbere atari akazi, kandi ko ari we mukuru w'igihugu aramutswa igihugu ca Tanzania kuva uyu musi.

Image caption Perezida Magufuli ahagararanye Visi Perezida Samia Suluhu, abaye umugore wa mbere gufata uwo mwanya muri Tanzania.

Perezida John Pombe Magufuli yashimiye akanama kajejwe gutegura amatora hamwe n'inzego zijejwe umutekano ku kungene bakoze batiziganya kugira amatora agende neza.

Edwad Lowasa, yahoze ari umushikiranganji wa mbere, akaba yari yitoje mu kibanza c'umukuru w'igihugu aserukiye umugambwe CHADEMA, ntiyitavye ivyo birori. Umugambwe CHADEMA wagumye wemeza ko ari wo watahukanye intsinzi ku bice birenga 60 kw'ojana.