Prezida John Magufuli yashikirijwe ubutegetsi

Image caption ibirori vyo kurahiza umukuru w'igihugu mushasha wa Tanzania

Dr John Pombe Magufuli wo mu mugambwe CCM yarahiriye kurongora igihugu ca Tanzania mu kiringo c'imyaka itanu, akaba asubiriye prezida Jakaya Kikwete, yararangije Ikiringo c'imyaka cumi ari ku butegetsi.

Ivyo birori bikaba vyitabwe n'abakuru b'ibihugu umunani ba afrika bavuye mu bihugu vya Kenya, Uganda, Zimbabwe, Rwanda, Afrika y'epfo, Zambia, DRC na Mozambique.

Prezida John Pombe magufuli, yatsinze amatora y'umukuru w'igihugu aheruka ku majwi 58 kw'ijana.

Image caption Jakaya Kikwete ari hagati ya Prezida John Pombe Magufi hamwe n'icegera ciwe Samilla Suruhu Hassan

Ivyavuye muri ayo matora vyariyamirijwe n'uwari yitoje mu kibanza c'umukuru w'igihugu ku ruhande rw'umugambwe CHADEMA, Edward Lowasa, avuga ko habayemwo ubusuma, aranatangaza ko ahubwo ari we yatsinze.

Umukuru w'akana kajejwe gutegura amatora mw'izinga rya zanzibare yarafuse ivyavuye mu matora muri iryo zinga, bikaba n'ubu bitaramenyekana igihe ayandi matora azobera.