Yarokotse impanuka y'indege i Juba

Image caption Uyu mwana w'amezi 14 ariko aravurigwa mw'ishure ry'ubuvuzi ry'i Juba

Uwo mwana w’umwigeme w’amezi 14 yarokotse mu mpanuka y’indege yo kuri uyu wa gatatu ku mugwa mukuru wa Sudani y’ubumanuko, I Juba, ubu aratanguye kugarukana akenge nk’uko abamuvura babivuga.

Uwo mwigeme ariko aravurigwa mw’ishure y’ubuvuzi yo muri ico gisagara kandi ubu aratanguye kumenya abo mu muryango wiwe, nk’uko bimenyeshwa n’umunyamakuru wa Eye Radio reports, Philip Mabior.

Abantu 36 ni bo basize ubuzima muri iyo mpanuka y’indege yariko irahaguruka ku kibuga c’indege c’I Juba.

Image caption Iyo ndege yakorokeye ku nkengera y'uruzi White Nil

Iyo ndege yaguye mu kazinga kagwiriyemwo abarimyi mu nkengera y’uruzi White Nile, ariko ntiharamenyekana igitgiri c’abahasize ubuzima bari muri yo n’abo yahitanye bari hasi.

Ntibiranamenyekana nimba ako kana k’akigeme koba ari ko konyene karokotse.