Burundi: barabandanya kurondera ibigwanisho

Image caption Alain Guillaume Bunyoni

I Bujumbura ku murwa mukuru w’Uburundi inzego zijejwe umutekano zirabandanya kurondera ibigwanisho ku nguvu mu ma quartiers atandukanye.

Uyu munsi ibyo bikorwa byabereye muri quartier ya Mutakura na Cibitoke muri zone Cibitoke, hamwe no muri quartier 3 yo mu Ngagara.

Igipolisi cyatangaje ko hafashwe imbunda 17, amagrenade 10, rekete 2 n'amasasu agera kuri 300.

Aho ku Musaga hari umuntu wapfuye arashwe n'igipolisi.

Igipolisi kivuga ko yabanje gutera grenade ya mbere igipolisi, agiye gutera iya kabiri, igipolisi gihita kimurasa.

Ico gikorwa catanguriye ku Mutakura mu buraruko kuwa mungu.

Abapolisi n’abasirikare ni benshi cane muri iyo quartier co kimwe no ku Musaga mu bumanuko.

Aho ku Musaga havugwa abantu bashika batatu boba bishwe mu gitondo. Ariko umuvugizi w’igipolisi we avuga ko akiriko arabaza amakuru y’abo bantu bashobora kuba bishwe.

Yavuze ko yamaze kumenya ko hari grenade yoba yahaturikiye.

Leta yatanguje kuwa mungu igikorwa co gusaka ibigwanisho ku nguvu nyuma y'ikiringo c'iminsi 5 cari catanzwe kugira ababifise bishikane bonyene ku bajejwe umutekano n'intwaro.

Ico gikorwa catangujwe n'umushikiranganji ajejwe umutekano mu gihugu Alain Guillaume Bunyoni muri quartier ya Mutakura imaze iminsi irangwamwo uruhagarara n'ubwicanyi.

Ku wa gatanu mu bahiciwe 4 harimwo Welly Nzitonda, umuhungu wa Pierre Claver Bonimpa, umukuru wa APRODH, ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi.

Alain Guillaume Bonyoni yabwiye abantu bake baje kumwumviriza ko badakwiye kugira ubwoba kuko inzego z'umutekano zihari kugira zicungere umutekano n'amahoro yabo.

Yavuze ko ubuhinga buhari bwo gutora ibigwanisho vyose aho vyinyegeje ata muntu bakakaje.

Aho ku Mutakura abantu batari bake bamaze iminsi bahunga baja gusaba indaro mu yandi ma quartiers.

Umushikiranganji Alain Guillaume Bunyoni yabateye akamo ko bogaruka kuko ngo atacotuma bahunga mu gihe n'abahasigaye ata ngorane n'imwe bariko baragira.

Yasavye abasigaye bacungereye ingo kuziraba neza kugira ntihagire na kimwe gisahurwa.

Yagabishije uwo wese yoshaka kwikika mu kiza kugira asahure.

Image caption Bimwe mu bigwanisho vyafashwe kuwa mungu.

Hagati aho abantu indwi kuwa gatandatu biciwe muri quartier ya Kanyosha mu bumanuko bw'igisagara ca Bujumbura.

Abantu 3 bitwaje ibigwanisho bateye mu bunywero bwitwa ''Au Coin des Amis'', babwira abantu bose ngo baryame hasi, begeranya amafaranga n'amatelephone yabo, bahejeje baca barabarasa. Hapfa abantu indwi n'abakomeretse igitigiri kitaramenyekana neza.

''Bari bambaye impuzu z'igipolisi'' nk'uko vyemezwa n'umwe mu bacitse kw'icumu.

N'umushikiranganji ajejwe umutekano Alain Guillaume Bunyoni aremera ko abo ''bicanyi baje biyambitse impuzu nk'iz'abapolisi''.

Ariko yemeza ko ari abicanyi bakorana n'abanyepolitike bari hanze.

Ku murwa mukuru wa Bujumbura harangwa umutekano muke n'ubwicanyi kuva hatanguye mu mpera z'ukwezi kwa 4 imyiyerekano y'abatashaka ko Presida Pierre Nkurunziza yitoza gutwara igihugu ubugira gatatu.