Umwirondoro wa Pierre-Emerick Aubameyang

Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Umukinyi w’imbere wa Borussia Dortmund yamuka muri Gabon, uyu mwaka wamubereye mwiza cane mu gutsinda ibitsindo vyinshi, yaciye umuhigo yongera anganya n’abandi benshi.

Ihiganwa rya mbere rya Bundesliga ryatanguye mu 1963, kandi uravye abakinyi bagiye barakinayo uko imyaka igenda ikurikirana nka Gerd Muller, Jupp Heynckes na Karl-Heinz Rummenigge, vyarafashije ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Budagi kuza riraca imihigo.

Uwo munyegabo yakoze ibikora inka mu gutsinda mu nkino 8 za mbere zo muri iryo higanwa (yesa umuhigo wo gutsinda mu nkino 2)

Ushobora gutora ukanze hano cyangwa se ukoyohereza ubutumwa bwa SMS ukoresheje telefone yayo kuri ino nimero +44 77 86 20 20 08:

Gutora Pierre-Emerick Aubameyang, kanda kuri 1

Gutora André Ayew, kanda kuri 2

Gutora Yacine Brahimi, kanda kuri 3

Gutora Sadio Mané, kanda kuri 4

Gutora Yaya Touré, kanda kuri 5

Igihe yatsinda mu rukino batahukanye intsinzi ya 5-1 rwabahuje na Bayern Munich mu ntango z’ukwezi kwa 10, uwo musore w’imyaka 26 yareshe uwundi muhigo bivuye ku yindi nsiguro.

nk’uko yari yatsinze mu nkino zibiri za nyuma zo mu mwaka wa 2014-2015, yarinjije kandi mu nkino 10 zo mw’ihiganwa ryo mu Budagi, ibintu n’umukinyi Klaus Allofs wa Cologne atigeze ashikako haraciye imyaka 30.

« Dawe (yigeze gukinira umugwi nserukiragihugu) yarambwiye ko nshobora kuza ndinjiza igitsindo muri buri rukino mu gihe nobishaka », Aubameyang avugira kuri BBC Sport.

« Ariko urakeneye gukora cane », ngivyo ivyo ndiko ndakora ubu.

Inyuma y’urukino rwo kunganya rutabonetsemwo igitsindo na kimwe ( n’aho muri urwo rukino yari yahereje neza umupira incuro zibiri zose), uwo munye Gabon wa mbere akinye mu mugwi ukomeye wo mu Budagi, yaragize ico avuga ku ntambwe ikomeye abona amaze gushikako muri uyu mwaka.

Mu nkino zibiri yimirije-mw’ihiganwa rya Bundesliga –yaratsinze akoresheje ubuhinga bukomeye.

Uravye uko yinjiza bidasanzwe n’ingene anyaruka nk’inkuba, Auba’a yinjije ibitsindo 20 mu nkino za mbere 17 za Dortmund zo muri uyu mwaka wa 2015-2016.

Ihiganwa ryo mu 2014-2015 rikwiye kwibagirwa, Dortmund yarangije iri mu kibanza 7, yatanguye ihiganwa nabi, ariko Aubameyang yabaye umukinyi w’igitangaza, umukinyi wok u ruhande yagiye kuba uwinjiza yarangije ihiganwa ari we wa mbere muri uwo mugwi yinjije ibitsindo vyinshi, 16 vyose.

Mw’ihiganwa rirangiye, yarinjije ibitsindo 5 vyose, harimwo ivyo yinjije mu gice ca kabiri gishira ica nyuma(bahuye na Bayern), hamwe no mu rukino rwa nyuma, aho batsindiwe i Wolfsburg.

None coba ari igitangaza kuba Dortmund yavuze ko Aubameyang, yaje muri uwo mugwi avuye mu mugwi wa St Etienne mu Burafansa, yoba yariko araronderwa n’iyindi migwi itari mike yo ku mugabane wa Buraya, yoba yaciye yongereza ikiringo co kubakinira gushika mu 2020, mu kwezi kw’indwi ?

N’aho umugwi wiwe wavyifashemwo neza, ihiganwa ry’igikombe ca Afrika ntiryamugendeye neza muri rusangi, n’aho kizigenza w’umugwi wa Gabon, yashoboye kwinjiza ibitsondo 2 muri Guinee Equatoriale.

Batsinze Burkina Faso 2-0, ariko baca batsindwa kabiri kose bituma umugwi wa Panthers uva mw’ihiganwa hakiri kare.

Uwo mukinyi yahoze muri Milan, akaba yaranakiniye umugwi w’imiyagaba mu Bufaransa, Aubameyang, agiye ku rutonde rwa BBC rw’abakinye ba mbere bo ku mugabane wa Africa ku mwaka ugira 3 yikurikiranya.

DORE UKO UMUHINGA MU GUSESANGURA -John Bennett wa bbc world Service - AMUBONA:

« Aranyaruka, ariko ntiyinjiza » ivyo ni vyo bakunda kuvuga kuri Pierre-Emerick Aubameyang. Ariko uyu mwaka, yaraberetse ko bihenze.

Harabaye igihe agaragara cane, nk’igihe yanjiza ibitsindo bitatu bitatu yikurikiranya-ariko, kuba ari umusatirizi w’umugwi wa Gabon vyatumye aja mu rundi rwego. Muri uyu mwaka, umusatirizi wa Bayern Munich, Robert Lewandwoski wenyene ni we babangabanganywe.

Ikindi n’uko ivyo vyose Aubameyang abikora atwenga. Ni nde yokwibagira uko yerekenye umunezero yigana Batman na Robin mu mwaka uheze ?

Ariko ntimwihende, Aubameyang yarakoze cane kugira ubuhinga afise buvemwo umusatirizi akomeye.

Yarumvirije ivyo bamuvugako kandi arazi no gutega abiri n’igihe atariko arakina.

Se wiwe Pierre, ni we amutera intege, amwibutsa misi yose kwiyemera, mu gihe umuhungu wa Curtys, akunda cane Batman, ari we akurako inguvu.

Nta munyafrika n’umwe yokwigereranya na Aubameyang uravye uko yagiye atsinda, ari co gituma namucaguye, kandi ico mwomenya, n’uko iyi yoba ari intango.