Burundi: Ibitero byishe batatu mu Bwiza

Image caption Umuvugizi wa Polisi y'Uburundi, Pierre Nkurikiye, yemeje amakuru y'ibitero.

I Bujumbura mu Burundi habaye ibitero vy'ama gerenade kuri uyu wa mbere.

Igipolisi kivuga ko ahitwa Gare du Nord muri zone Kamenge mu buraruko bw'igisagara hatewe gerenade 2 zikomeretse abapolisi 3 n'abasivile 2.

Hatewe kandi amagerenade mu duce twa Buyenzi na Musaga ariko mu gipolisi bavuga ko ataco zononye.

Image caption Ingaruka z'amasasu yarashwe mu nzu y'umuyobozi w'umujyi wa Bujumbura

Ivyo bibaye, mw'ijoro ryakeye naho haraye humvikanye amasasu n'ama gerenade menshi mu bice bitandukanye vy'igisagara ca Bujumbura.

Bimwe muri ivyo bitero vyahitanye abantu 3 muri zone Bwiza yo hagati mu gisagara.

Abantu bari ku mapikipiki bateye ubunywero bwitwa Escotisse kw'ibarabara rya kane aho mu Bwiza hagwa abantu batatu abandi 2 barakomereka nk'uko vyemezwa n'umuvugizi w'igipolisi Pierre Nkurikiye.

Ariko ababa aho mu Bwiza bemeza ko hari umuntu agira kane yiciwe kw'ibarabara rya 5.

Muri ivyo bitero hari icatumbereye ku rugo rw'umukuru w'igisagara ca Bujumbura Freddy Mbonimpa muri Rohero hagati mu gisagara.

Ku nzu n'imbere mu cyumba cy’uruganiriro haraboneka intoboro nyinshi z'aho amasasu yakubise. Igisasu bita SLIM catoboye idirisha cinjira mu ruhome rw'icumba kimwe ariko nticaturika.

N'ubu niyo cari kikiri. Muri urwo rugo ariko nta wapfuye canke ngo akomereke.

Image caption Ingaruka z'amasasu yarashwe mu nzu y'umuyobozi w'umujyi wa Bujumbura

Ni co kimwe no ku rundi rugo rw'umubanyi wiwe. Naho nyene harashwe amasasu menshi haterwa na gerenade yononye ibintu muri salon harimwo televiziyo na mudasobwa.

Abahaba bavuga ko ico gitero cabaye inyuma y'isaha 6 z'ijoro.

Ahandi impoho zumvikanye cane ni muri zone Musaga mu bumanuko bw'igisagara. Umuvugizi w'igipolisi avuga ko abagizi ba nabi bateye ikirindiro c'igipolisi ahitwa kwa Vyisi hapfa umupolisi umwe uwundi arakomereka.

Ababa aho ku Musaga bavuga ko hari uwundi musivile yapfuye uno munsi nyuma yo gukomerekera muri ivyo bitero.

No ku Mutakura mu buraruko bw'igisagara harabaye igitero. Umuvugizi w'igipolisi avuga ko hakomeretse abapolisi bane.

Haheze indwi abajejwe umutekano batanguye gusaka ibigwanisho ku nguvu. Ijoro ryakeye rikaba ariryo rya mbere ribayemwo intureka nyinshi kuva ico gikorwa gitanguye.

Ibindi kuri iyi nkuru