Umugwi MENUB wasozereye akazi mu Burundi

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Ban Ki Moon yasabwe kwongereza ibikorwa vya ONU mu Burundi

Umugwi w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe uburorerezi mu matora mu Burundi, MENUB, wasozereye ibikorwa icese uno munsi.

Uwo mugwi washizweko ubuserukizi bwa ONU busozerewe imirimo mu mwaka uheze, kugira urorere amatora yo mu 2015 imbere, ari kuba, n'inyuma yayo.

Uwo mugwi wugawe mu gihe akanama k'umutekano k'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, gaheruka gusaba iryo shirahamwe ngo ryongere ibikorwa vyaryo mu Burundi mu gufasha guheraheza ibibazo bihari.

Ivyo bibazo vyatanguye nyuma y'aho umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD FDD, ugeneye umukuru w'igihugu, Pierre Nkurunziza, ngo aze yitoze mu kiringo kigira gatatu.

Abamaze kugwa mu mvururu zakurikiye bamaze kurenga amajana abiri.

Harindiriwe kwumva ico abaserukiye Ban Ki Moon hamwe na leta y'u Burundi bazoshikiriza ejo mu muhango wo kwugara MENUB.

ONU yari iserukiwe na Ali Diabate muri uwo muhango, akaba ari icegera c'umukuru w'urwego rujejwe gufasha mu matora.

Leta y'u Burundi yoyo yari iserukiwe n'umushikiranganji w'intwaro yo hagati, Pascal Barandagiye.