Umuzimyamuriro wo muri Amerika yahawe mu maso hashasha

Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Abaganga babaga bo muri leta zunze ubumwe za Amerika bavuga ko bwa mbere kw'isi bahaye umuntu mu maso hashasha yuma yo gukomereka.

Ngo ntaho vyari bwabe aho umuntu ahindurwa agahanga kose, amatwi hamwe no ku maso.

Umuganga abaga ibijanye n'ubwiza, Eduard Rodriguez, yarongoye umugwi wakoze amasaha 26 babaga, kugira bahe mu maso hashasha Patrick Hardison, umuzimyamuriro w'imyaka 41 akorera ugushasha yakomeretse cane mu maso.

Uwatanze isura ni umusore w'imyaka 26, David Rodebaugh, yasize ubuzima mu mpanuka y'ikinga.

Kumubaga vyabaye mu kwezi kw'umunani.

Mu maso h'umuntu hubakwa gute?

Image caption Patrick Hardison atarakomereka

Ico gihe, umugwi w'abaganga bo ku bitaro NYU Langone Medical Center, bavuze ko amahirwe y'uko bikunda yari hagati na hagati (50:50).

Bwana Hardison, yaturiwe n'umuriro wo mu nzu aho yariko aragerageza gutabara umugore yari yahezeyo, yahiye gushika ku rwego rwa gatatu, mu maso no mu ruhanga.

Yarindiriye ikiringo kingana umwaka kugira aronke uwo bahuje amugabira mu maso hashasha - kiretse ubwoko bw'amaraso, bagomba kuba banafise urukoba rusa hamwe n'ibara ry'umushatsi rimwe.

Isura yari igoye kuboneka

Image caption David Rodebaugh, yatanze isura yiwe n'ibindi bihimba kugira afashe abandi

Imigwi ibiri y'abaganga babaga yakoreye hamwe, umwe utegura uwutanga isura uwundu utegura uwuyihabwa.

Nyuma y'amezi atatu ico gikorwa c'akataraboneka kibaye, bwana Hardison, umuvyeyi w'abana batanu, ariko arakira neza, naho azokenera gufata imiti ubuzima bwiwe bwose, ituma umubiri wiwe utiyamiriza mu maso hiwe hashasha.

Dr Rodrigues agereranya ko abarwayi batarenga batanu nabo bahawe mu maso hashasha kw'isi, bitavye Imana nyuma yaho isura nshasha bahawe yankiwe n'umubiri.

Yabariye ikiganiro n'abamenyeshamakuru ati: "Igitigiri c'ububiribiri twashize kuri Patrick ni akataraboneka.

"Ubu ameze neza cane kandi haciye gusa iminsi 93."

Image caption Patrick Hardison imbere n'inyuma yo kubagwa

Kubagwa kwiwe kwavuye ahakikuje amaso, hamwe n'uburyo butuma ashobora guhumvya kandi ubu afise umutwe wuzuye umushatsi, ingohe hamwe n'amatwi.

Bwana Hardison azokenera kubagwa kandi mu mezi ari imbere kugira bakureko uduce tw'urukoba turereta hejuru y'amaso no ku munwa.

Avuga ko ashima cane uwamugabiye iyo sura hamwe n'abaganga bamubaze.

"Bampaye ibirenze isura nshasha. Bampaye ubuzima bushasha."

Mu 2005, umugore w'Umufaransakazi yitwa Isabelle Dinoire - yakomeretse cane mu maso nyuma yo kuribwa n'imbwa - yabaye uwa mbere mu mateka mu guhabwa igice co mu maso gishasha.

Kuva ico gihe, abandi barwayi barenga 50 baramaze guhabwa ibice canke mu maso hose hashasha hirya no hino kw'isi.

Mu 2010, umurimyi wo muri Espagne, azwi nka Oscar, yabaye uwa mbere yahawe isura yose. Bamuhinduriye izuru n'umunwa, ariko ntibahinduye amatwi no mu ruhanga.

Dr James Partridge, umuyobozi mukuru w'ikigo c'abagiraneza, Changing Faces, yavuze ko guhindurirwa mu maso bishobora guteza ibibazo ku nyifato y'umuntu bikamugora kumenyera.

"Hari bibazo vyinshi bijanye n'ivyo umuntu abayemera mu muco, rero ntidushobora kwirengangiza guhambara kw'ibi bintu tukishinga kunezezwa n'ivyashitsweko. Mu buryo bwinshi, urugendo rwa bwana Hardison niho rugitangura."