Guhiga abakozi b'iterabwoba Paris vyaheze

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Abajejwe umutekano bazindukiye mu buraruko bwa Paris ku nzu yarimwo abakozi b'iterabwoba

Abajejwe intwaro mu Bufaransa bavuga ko igikorwa bazindukiyemwo co guhiga abakekwa kugira uruhara mu gitero co mu ndwi iheze, cahejejwe.

Abakekwa baguye mu gitero cagabwe mu nzu barimwo mu karere ka Saint Denis mu buraruko bwa Paris, harimwo n'umugore yaturikije igisasu yari yambaye.

Abantu benshi bafatiwe muri ico gikorwa.

Mu nyuma umukuru w'Ubufaransa, Francois Hollande, yakeje abajejwe umutekano anasaba ko hoba ugufashanya ku rwego rw'isi mu kurwanya abarwanyi ba Islamic State.

Yavuze ko abo barwanyi babangamiye isi yose.

Uwaronderwa mu gikorwa c'uno munsi i Paris ni Abdelhamid Abaaoud, Umubirigi afise amamuko yo muri Maroc.

Ntibiramenyekana niba yoba akiri mu gahinga.