Somalia yuguruye ibiro vyayo i Washington

Image caption Ambasaderi mushasha wa Somalia muri Amerika, Ahmed Isse Awad yakirwa na Prezida Obama

Igihuhu ca Somalia casubiye kwugurura ibiro bigiserukiye i Washington muri leta zunze ubumwe za Amerika, nyuma y'imyaka 25 vyugawe.

Abajejwe intwaro muri Somalia bavuga ko vyerekana ko hatewe intambwe ikomeye kuva haduka muri ico gihugu intambara yo hagati mu 1991.

Imigenderanire hagati ya Somalia na Amerika yarisununuye kuva mu 2012, igihe Somalia yarangiza ikiringo c'ubutegetsi mfatakibanza hagatorwa abarongozi bashasha.

Ariko ico gihugu, harimwo n'umurwa mukuru Mogadishu, kiracafise ibibazo vy'umutekano bitewe n'abarwanyi b'umugwi Al Shabaab.