CNDD FDD isaba Ababirigi kuva mu Burundi

Umukuru w'umugambwe CNDD FDD, Pascal Nyabenda. Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption CNDD FDD isaba ko Ababirigi botahuka iwabo nk'uko leta yabo yabibasavye

Umugambwe uri ku butegetsi, CNDD FDD, wasohoye itangazo aho usaba abenegihugu b'Ububirigi baba mu Burundi, kuva muri ico gihugu.

Mw'iryo tangazo, CNDD FDD igaruka kw'itangazo yashikirije itariki 3 z'ukwa cumi 2015, wiyamiriza igihugu c'Ububirigi cahoze gikolonije u Burundi, mu kuvuga ko cagize uruhara mu mabi yose yashikiye u Burundi kuva bwikukira.

CNDD FDD kandi ivuga ko yababajwe n'ivyashikirijwe n'umushikiranganji w'Ububigiri ajejwe imigenderanire, Didier Reynders, asaba Ababirigi bari mu Burundi gukinjura.

Uwo mugambwe kandi muri iryo tangazo uvuga ko abategetsi bo ku rwego rwo hejuru mu Bubirigi, bashira igitsure kubo bakurira ngo bafate ingingo ruhasha ku Burundi.

CNDD FDD ivuga kandi ko mugusaba abanyagihugu babwo ngo bave mu Burundi, Ububirigi bwashatse guhunga wa mugwi w'ukuri n'ukurekuriranira ngo ntihaze hagire ico bubazwa.

Imigenderanire hagati y'u Burundi n'Ububirigi igeze aho umwansi ashaka kuva hatanguye intureka mu Burundi mu mpera z'ukwezi kwa kane.

Ububirigi mbere bwanafashe ingingo yo guhagarika imfashanyo bwagenera u Burundi, yari igize igice kinini c'amahera ico gihugu gikoresha ku mwaka.

U Burundi ariko bwavuze ko Ububirigi bushobora kugumana ayo mahera.