MSF: Twavuye 59 bakomerekejwe na grenade i Bujumbura

Image caption Abajejwe umutekano bamaze indwi zibiri mu gikorwa co kwaka ibirwanisho ku nguvu ababitunze ata ruhusha

Ishirahamwe ry'abaganga batagira imbibe, MSF, rivuga ko ku munsi wa mbere ryavuye abantu 59 bakomerekejwe na grenade hirya no hino i Bujumbura.

Uwujejwe ibikorwa vya MSF mu Burundi, Lily Caldwell, yabwiye BBC ko abo bantu bavuriwe mu kigo ca MSF, bahashikanywe n'ababatabaye.

Lily Caldwell avuga ko abakomereka bava hirya no hino, ngo baba ari abantu bigize amahirwe mabi yo kuba bari aho igitero cagabwe.

Yavuze kandi ko kuva kuwa mbere ibintu bisa n'ivyacureshe, bakaba ata bakomeretse barasubira kubona.

Umupfasoni Caldwell kandi abandanya avuga ko bigoye kwitegura kuko abakomereka bataboneka iminsi yose, canke ngo umenye uko bangana.

Umutekano warahungabanye

Mw'ijoro ryo kuwa mungu uheze no kuwa mbere mu gitondo, abantu bitwaje ibirwanisho bataramenyekana barateye ibisasu vya grenade hirya no hino mu gisagara ca Bujumbura, igipolisi kikavuga ko ari inkozi z'ikibi.

Abajejwe umutekano bamaze indwi zibiri mu gikorwa co kwaka ibirwanisho ku nguvu ababitunze batabifiriye uruhusha, ariko birigaragaza ko ico gikorwa kitarahera.

Umutekano warahungabanye mu bice bimwe vy'igisagara ca Bujumbura kuva mu mpera z'ukwezi kwa Kane, igihe umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD FDD, wagena Prezida Pierre Nkurunziza ngo awuserukire mu matora y'umukuru w'igihugu.