Umukozi yakora kw'ihotero yatewe i Bamako yavuze uko yakize

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Igitero kw'ihoteri i Bamako caheze abasirikare bahutse iyo hoteri

Umukozi yakomerekeye mu gitero c'abarwanyi ba ki Islam kw'ihoteri akorako i Bamako muri Mali, yavuze ukuntu yarusimvye.

Uwo mugabo asanzwe akora akazi ko gusereva kw'ihoteri Radisson, yabariye BBC ko yashoboye kwinjira mu biro bimwe vy'iyo hoteri, aryama hasi yigira nk'uwapfuye.

Ico gihe, abarwanyi bateye iyo hoteri bariko bararasa abayicumbitsemwo co kimwe n'abayikoramwo.

Mu nyuma, uwo mukozi yabonye umwe muri abo bateye aja mu gikoni akaranga inyama y'inka bita steak arafungura.

Abantu cumi n'icenda biciwe muri ico gitero, caheze ari uko abasirikare ba Mali hamwe na mpuzamakungu bahukiye iyo hoteri.