Bruxelles iracagavye kubera iterabwoba

Image caption Umuji wa Bruxelles uracagavye mu gutinya ko haba igitero nk'icabaye Paris

Umurwa mukuru w'Ububirigi, Bruxelles, uracagavye mu gihe habandanije gufatwa abakekwa iterabwoba hamwe n'amakuru mashasha y'uko hashobora kuba igitero.

Abantu cumi na batandatu bafashwe n'igipolisi ejo mw'ijoro, ariko nta birwanisho canke ibisasu vyafashwe.

Mu kanya gaheze naho igipolisi catangaje ko hari abandi bantu batanu bafashwe.

Salah Abdeslam, akekwa kugira uruhara mu gitero c'i Paris, vyibazwa ko ari mu Bubirigi, gushika ubu ntarafatwa.

Kugaba mu gihe vyibazwa ko hoba igitero biracatsimbataweko gushika ubu.

Hatinywa igitero nk'ic'i Paris

Abasirikare bari kugira amarondo mu mabarabara, mu gihe amangazini, amashure hamwe na gariyamoshi zigira munsi bidakora.

Umushikiranganji wa mbere w'Ububirigi, Charles Michel, yavuze ko bariko barakora ibishoboka vyose ngo ubuzima busanzwe bugaruke mu muji.

Ariko abajejwe intwaro, batinya ko hogabwa igitero nk'icagabwe i Paris.