3 bishwe 22 barafatwa mu Ngaragara, Bujumbura

Image caption Hapfuye abantu batatu, hafatwa abarenga 20, hafatwa kandi n'ibirwanisho

Igipolisi c'u Burundi kivuga ko abantu batatu baraye baguye mu gitero c'abantu bitwaje ibirwanisho muri komine Ngagara mu buraruko bwa Bujumbura.

Nk'uko bivugwa n'icegera c'umuvugizi w'igipolisi c'u Burundi, Moise Nkurikiye, ngo hari n'uwundi muntu yiciwe mu Ruziba muri komine ya Kanyosha mu bumanuko bwa Bujumbura.

Aho mu Ngagara icegera c'umuvugizi w'igipolisi amenyesha ko ari umurwi w'abantu bitwaje ibirwanisho wateye ikirindiro c'agipolisi, baca barawivuna.

Ivyo ariko ababa aho barabihakana, bakavuga ko ngo ahubwo ari abapolisi basanze umurwi w'abakiri bato bari mu kirabo utangura kubarasa.

Hafashwe inkoho

Mu gipolisi bamenyesheje kandi ko abantu 22 bafashwe mu Ngagara ku mvo z'amatohoza, n'abandi 7 bo mu Cibitoke.

Ngo hafashwe kandi n'inkoho zibiri hamwe n'amasasu atari make mw'isaka ryabaye mu gitondo c'uno munsi.

Hagati aho mu gitondo c'uno munsi, hatewe ibisasu ahari antenne ya RTNB, ariko nk'uko bivugwa n'abanyamakuru ba BBC bahashitse, ngo ntawe bahasanze ababwira neza uko vyagenze.

Bivugwa ko abajejwe umutekano bariko baratohoza, ngo bakaba bamaze kumenya aho ivyo bisasu vyatewe biva.