Prezida Obama yiyemeje gusambura Islamic State

Image caption Obama ari mu nama y'ibihugu vya Aziya yo mu bumanuko bushira ubuseruko

Prezida Obama avuga ko Leta Zunze ubumwe za Amerika hamwe n'abo bifatanije, bazokaza uruganga ku barwanyi b'umugwi Islamic State.

Aho yafata ijama mu nama y'ibuhugu vyo mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Aziya ibera i Kuala Lumpur, bwana Obama yavuze ko Amerika izokomeza kuja imbere mu kurwanya ubutagondwa hamwe n'ico yise ivyiyumviro bidasigutse.

Yavuze ko ibitero nk'igiheruka kubera i Paris, bidashobora gufatwa nk'ibintu bisanzwe, ngo kandi IS vyanka bikunda izosambuka.

Yahamagariye Uburusiya kwibanda cane kuri Islamic State mu rugamba irimwo rwo kurwanya iterabwoba.