Pellegrini ababajwe cane n'ugutsindwa kwa City

Uwufise ububasha kw’isanamu z
Image caption Manuel Pellegrini avuga ko City yakinye nabi ku buryo budasanzwe

Umumenyereza wa Manchester City, Manuel Pellegrini, avuga ko gutsindirwa muhira 4-1 na Liverpool vyamushavuje bimwe vy'ikirenga.

Kwiyinjiza igitsindo kwa Eliaquim Mangala nyuma y'iminota indwi y'urukino, vyatanguriye ugukina kubi cane kw'ikipe ya Pellegrini.

Nyuma y'iminota 32, bari bamaze gutsindwa 3-0 kandi igitsindo ca Sergio Aguero imbere y'uko igice ca mbere gihera, ntaco cahinduye.

Pellegrini yagize ati: "Kari akamaramaza ku mugwi wose.

"Ndashavuye bimwe birengeje. Ukuntu twakinye n'ibintu bitabaho."

Gutsindwa kwa City bituma ica itakaza ikibanza cayo ca mbere, ubu ikaba iri inyuma ya Leicester City ya mbere na Manchester United ya kabiri.