Umwe mu barokowe muri Tanzania yacikanye

Image caption Abo bakozi batunzwe no kurya imizi, ivu hamwe n'udukoko duto duto

Umwe mu bakozi batanu bari baheze mu kirombwe c'inzahabu mu gihugu ca Tanzania bamarayo iminsi mirongo ine n'umwe, yacikanye.

Onyiwa Morris yajanywe kwa muganga nyuma yo gutabarwa mu ndwi iheze, abifise ibibazo vyo munda.

Abo bakozi bo mu kirombwe babayeho mu kurya imizi, ivu hamwe n'udukoko nk'inzige, ikirombwe kimaze kubahomokerako gifuka inzira isohoka ikirombwe.

Abajejwe intwaro bavuga ko abo bagabo vyibazwa ko bapfuye.