Amashirahamwe 10 mu Burundi ntacemerewe gukora

Image caption Leta y'u Burundi yagiriza amashirahamwe yahagaritswe kugira uruhara mu bwicanyi buri mu Burundi

Leta y'u Burundi yafashe ingingo yo guhagarika amashirahamwe cumi avuga ko adaharanira ivyicaro vya politike, iyagiriza gushoza ubwicanyi.

Ayo mashirahamwe arimwo n'iriharanira agateka ka zina muntu, APRODH, rya Pierre Claver Mbonimpa, yahatswe kugandagurwa mu kwezi kw'umunani.

Kuwa mbere Leta zunze Ubumwe za Amerika zamenyesheje ko zizofatira ibihano abategetsi bane b'ubu n'abakera mu Burundi.

Abantu barenga amajana abiri baramaze gusiga ubuzima mu bwicanyi mu Burundi kuva mu kwezi kwa kane, igihe vyatangazwa ko Prezida Pierre Nkurunziza azokwitoza mu kiringo kigira gatatu.