John Magufuli yakuyeko ibirori vyo kwikukira

Uwufise ububasha kw’isanamu Statehouse Tanzania
Image caption Prezida Magufuli yategetse ko hagurwa ibitanda ku bitaro Muhimbiri asanze hari abarwayi baryamye hasi atawubitayeho

Umukuru w'igihugu wa Tanzania, John Pombe Magufuli, yasubiye gutangaza benshi, mu gukurako ibirori vyo kwigina umunsi wo kwikukira.

Ku nshuro ya mbere mu myaka 50, abanye Tanzania ntibazohurira hamwe ngo bumve amajamabo, intambo kama, ikarashishi rya gisirikare hamwe n'utugenegene tw'indege.

Prezida Magufuli ahubwo ashaka ko abanyagihugu bazoja barahurira hamwe bagasukura amasoko, amashure hamwe n'ibibanza bihurirwamwo ba bose.

Uwujejwe kumenyesha amakuru mu biro vy'umukuru w'igihugu, Gerson Msigwa, yavuze ko amahera yokoreshejwe ku munsi wa Uhuru Day, azoja arakoreshwa mu bikorwa vy'inyungu rusangi hamwe no kurwanya cholera, ubukene no kuronsa utuzu twa surwumwe uturere tutadufise.

Yongeyeko yuko ayo mahera azoja kandi arafasha mu kugura ibikoresha vyo kwa muganga.

Kugabanya amahera

Iyi ngingo ni imwe mu ziheruka gufatwa zigamije kugabanya amahera leta ikoresha, zatangajwe n'umukuru w'igihugu igihe yashikira ubutegetsi haciye indwi zitatu.

Mu ndwi iheze, yategetse ko amahera imiriyoni 100 z'amadolari yokoreshejwe mu gutanguza ibikorwa vy'inama nshingamateka, yokoreshwa mu kugura ibitanda vy'ibitaro Muhimbili, nyuma yo kuhagira urugendo rutateguwe agasanga abarwayi baryamye hasi badafise uwubitaho.

Uno munsi mu gitondo, Magufuli yavugwa cane ku mbuga nkoranyambaga, abanye Tanzania bavuga kuri iyi ngingo nshasha yafashe, benshi muri bo bayishigikiye.