Abanye Bangladesh 18 bafatiwe i Bujumbura

Image caption Abo bose uko ari 18 bafatiwe mu nzu imwe mu Kajaga, bafise impapuro z'amagendu

Igipolisi c'u Burundi caraye gifashe abanye Bangladesh 18 bari mu gihugu ku buryo budakurikije amategeko, bafise passport z'impimbano.

Abo bose uko ari 18, igipolisi cabafatiye mu nzu iri mu Kajaga mu gisagara ca Bujumbura.

Moise Nkurunziza, icegera c'umuvugizi w'igipolisi avuga ko abo bagabo bose bari mu nzu imwe, ata n'umwe basanze afise uburenganzira bwo kuba mu Burundi.

Ngo kandi bari bafise ibipapuro vy'inzira (passport ) 31, ngo biboneka ko ari ivy'amagendu.

Bamwe muri bo kandi ngo bari bafise ibipapuro vyo muri Afrika y'epfo.

Igipolisi kivuga ko hatanguye amatohoza yo kumenya ico abo bagabo bakora mu Burundi, n'ukuntu bahashitse.