Papa yiyamirije abakize biyumanganya abakene

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Papa yasavye ko abakene baba mu micungararo ya Nairobi baronswa ivya nkenerwa nk'amazi n'amashure

Papa Francis yiyamirije inkehwa y'abantu bakize biyumanganya abakene, mu rugendo yagize mu kigwati gikenye mu micungararo ya Nairobi.

Isinzi ry'abantu bari basidukanye n'iyonka baje kuraba Papa i Kangemi, ahatuwe n'abantu ibihumbi mirongo itanu batagira ivya nkenerwa vy'isuku.

Yasavye ko bafashwa kubaho neza kandi bakubakirwa, harimwo kubazanira amazi yo kunywa hamwe n'amashure, abo bantu yavuze ko bahebewe imicungararo y'imiji.

Yiyamirije inkehwa y'abakize, avuga ko birundako vyose bari ku gakanu k'abakene.

Papa araca abandaniriza urugendo muri Uganda imbere yo kuja muri Republique Centre Africaine kuwa Mungu.